GENERAL BUNYONI YATEZE AGATEGO MUBASODA || NGURWAO URUHAGARARA KUMISHAHARA || INGWANO YAMAHERA
Genda mubwire Ndayishimiye ayabahe !“
Tumaze imisi turonka ubutumwa bw’abasirikare benshi bidogera akarenganyo kabaye mw’iduga ry’imishahara riherutse. Hari abasirikare benshi batubwiye ingene barenganijwe bagasanga bagenzi babo banganya ipete n’uburambe mu kazi bongewe menshi kubarusha. Umwe muri bo yagize ati :
“Ntidutahura ingene batwongeye umushahara. Harimwo akarenganyo kenshi kandi ntibigeze banadusigurira ngo tumenye ivyo bafatiyeko mu kutwongera. Nkanje mfise ipete rya caporal banyongeye Fbu, ariko mugenzanje twinjiriye rimwe kandi tunganya ipete bamwongeye Fbu. Dufise uburorero bwinshi bw’abandi barenganijwe gutyo. Ikitubabaza nuko mu biro bijejwe imishahara mu biro bikuru vya gisirikare batatwakira !“
Abasirikare bafise ivyo bibazo baragiye kwitura igisata kijejwe imishahara mu biro bikuru vya gisirikare, benshi batwandikiye bavuga ko abakozi b’ico gisata banse kubakira ahubwo bakishinga kubashinyaguriza. Umwe mu basirikare yandi