Désiré Uwamahoro ahejeje kwinjizwa ibohero rikuru rya Gitega kumugoroba/yoba yarakubiswe arashaya!
Colonel Désiré Uwamahoro araye ijoro rya mbere mw’ibohero rikuru rya Gitega.
Uyu mugoroba abakurikiranwa muri Dosiye Bunyoni basazangijwe mu mabohero atandukanye.
Isaha imwe n’iminota mirongo ibiri z’ijoro (19h20) niho Colonel Désiré Uwamahoro co kimwe n’umwe mu bahora bagendanira Général Bunyoni binjira ibohero rya Gitega. Amakuru ava muri iryo bohero avuga ko Uwamahoro bamwinjije basa n’abamunyegeza baca baja kumuraza mu cumba c’umukuru w’abanyororo, uwo bita Capita Général.
Abo mw’ibohero rya Muramvya baremeza ko naho hazanywe uwoba yari umushoferi wa Bunyoni. Hari uwundi tutaramenya yoba yajanywe mw’ibohero ry’i Bururi.
I Ngozi baracarindiriye ko Général Bunyoni ahagera. Amasoko yacu i Ngozi avuga ko ari ubwambere mu mateka y’iryo bohero babona hakorwa isuku gushika isaha zine z’ijoro. Ikindi gitangaza abariyo nuko amatara yacitse hose, bayoberwa ko ari isanganya ry’umuyagankuba canke ko vyako